Umugabo muri UK yaciriwe umunyororo ku caha co gushahura umugabo yavyisabiye

Ahavuye isanamu, Met Police Muri sentare, Damien Byrnes yaremeye icaha co kubabaza abishaka 16 Ukwa mbere 2024 Umugabo yaciye ibihimba ndangagitsina vyumugabo yabimusavye yongera afata videwo yo gushira ku rubuga hwaniro rurihisha [amafaranga mu kurujako] yaciriwe umunyororo wimyaka itanu.

  • Umwanditsi, Na Liz Jackson, Jess Warren & PA Media
  • Igikorwa, BBC News
  • 16 Ukwa mbere 2024

Umugabo yaciye ibihimba ndangagitsina vy’umugabo yabimusavye yongera afata videwo yo gushira ku rubuga hwaniro rurihisha [amafaranga mu kurujako] yaciriwe umunyororo w’imyaka itanu.

Damien Byrnes w’imyaka 36 yaciye inzanyi n’amatengatwa vya Marius Gustavson akoresheje imbugita muri Ruhuhuma (2) 2017.

Byrnes ari kumwe na Jacob Crimi-Appleby w’imyaka 23 hamwe na Nathaniel Arnold w’imyaka 48, bemeye ko bakoze babishaka icaha co kubabaza umuntu ku mubiri (Lésions corporelles graves/ Grievous bodily harm,GBH).

Crimi-Appleby yakonjesheje ukuguru kwa Gustavson mw’ibarafu, ivyatumye gucibwa, mu gihe Arnold na we yamuciye agace gato k’imoko.

Crimi-Appleby yaciriwe umunyororo w’imyaka itatu n’amezi umunani. Arnold na we yahawe igihano co gupfungwa atinjijwe mu munyororo (suspended prison/prison avec sursis).

Uragaba: Harimwo insiguro ziteye akoba

Sentare ya Old Bailey yari yarigeze kwumva ko urubanza rwaciriwe Byrnes rufitaniye isano n’imico yataye igihe aho abagabo bagirwa "nullos" – impfunyapfunyo y’amajambo y’icongereza genital nullification (twogereranya no kwaka ubugabo) – mu kubashahura (kubaca inzanyi n’amatengatwa).

Umucamanza Caroline Carberry KC avuga ko Byrnes w’ahitwa Tottenham mu buraruko bw’umugwa mukuru Londres, ari mu bantu cumi bagiriwe n’icaha co guhindura umubiri mu nzira ziteye ubwoba.

Yabwiye sentare ko Byrnes yahawe akazi na Gustavson yari amaze kugira uruhara incuro zitari nke rwo guhindura imibiri y’abantu harimwo guca ibihimba vy’irondoka vy’abandi bagabo.

'Ico kikaba kiravuyemwo'

Gustavson yaremeye ivyo yagirijwe harimwo umugambi wo kwibabaza umubiri, akazosomerwa ukwiwe mu kwa gatatu.

Umucamanza Carberry yabwiye sentare ko muri Kigarama (12) 2016 Byrnes "yemeye" gukatakata Gustavson ku mafaranga y’amapawundi 500 (yababa imiriyoni 1,8 z’amafaranga y’amarundi) azi neza ko bizofatwa amashusho kugira bishirwe ku rubuga ngurukanabumenyi, ariko ko Gustavson yagabanuye igiciro gushika ku mapawundi 50 gusa.

Imbere yo kumukata, Byrnes yabwiye Gustavson ati: "Jewe nta ngorane mfitaniye na we, ariko ubwo ntushobora kuva amaraso menshi gushika n’aho uhakwa gupfa?"

Gustavson yamwishuye ko yari guterwa umuti wo kutumva ububabare yongera amusigurira ivyo yategerezwa gukora, nk’uko sentare yabwiwe.

Muri iyo videwo, Byrnes yumvikana avuga ati: "Ico kiravuyemwo. Iki ntaco nari niteze."

Videwo y’ingene yamukatakase ntiyerekanywe muri sentare ariko yarasiguwe na Carberry, aho yavuze ko Gustavson yahamagaye kuri 999 Byrnes amaze kugenda.

Sentare yabwiwe ko Gustavson yatwawe mu bitaro aho yamaze imisi avurirwa hanyuma ararekurwa arungikwa ku muhinga w’ingwara zo mu mutwe.

Byrnes abonye ataronse amahera yiwe, yaciye agabisha Gustavson ko ashobora kumujana ku gipolisi, ariko uno na we yaciye amubwira ko ashobora kumwitwarira kubera iterabwoba, kumutyoza no kumwononera umubiri.

Mu kiringo c’imyaka ibiri, Gustavson yahaye Byrnes amafaranga arenga amapadundi 1500, nk’uko sentare yabibwiwe.

Crimi-Appleby w’imyaka 23, w’ahitwa Epsom mu karere ka Surrey, yaremeye ko yakonjesheje ukuguru kwa Gustavson, mu kwa kabiri 2019.

Mu gihe urubanza rwariko rurabandanya, sentare yeretswe videwo ya Gustavson ukuguru kwiwe kuri mu ndobo y’ibarafu, Crimi-Appleby ariko yongeramwo iyindi.

Gustavson, ubu akaba agendera ku gakinga k’abamugaye, yaronse amafaranga y’amapawundi yababa 18.000 nk’inyungu, nk’uko sentare yabibwiwe.

Nathan Arnold, umuforoma w’imyaka 48 w’ahitwa South Kensington mu burengero bwa Londres, yaremeye ko yaciye imoko imwe ya Gustavson mu ci ryo mu 2019.

Yaremeye kandi n’icaha c’ubusuma mu kwiba imiti yo gusinziriza hagati ya 2016 na 2022 mu bitaro vya Chelsea na Westminster yari yahoze akoramwo, yongera yemera kandi n’icaha co gutunga amavidewo y’ibiterasoni ateye ubwoba.

Inyuma yo gufatwa mu 2022, Byrnes yaremeye ivyo yakoze aho yavuze ko yari mu bibazo vy’amafaranga mbere ko yanadashwe amaze gukata ibihimba vy’irondoka vya Gustavson.

Lisa Bald yabwiye sentare ko umukiriya wiwe Byrnes "yababajwe aterwa n’isoni" n’ivyo yari yakoze.

'Umwumvikano si urwitwazo'

Sean Poulier asigura ko umukiriya wiwe Crimi-Appleby “yahendahenzwe” na Gustavson amaze guhendwa n’ivyo yabona ku mbuga ngurukanabumenyi.

Igipolisi kivuga ko mu gikorwa co gukora amatohoza abapolisi “bamaze amasaha baraba ano mashusho ateye ubwoba, bazunguruka mu gihugu cose c’Ubwongereza barondera abakorewe ikibi nk’iki hamwe n’ivyabona, bongera bakorana n’abandi bapolisi mu Bwongereza no hanze kugira ngo barengutse aba bagabo”.

Igipolisi gisaba "uwo ari we wese yahuye n’aya mahano" kwitura abajejwe ubuvuzi no gushikira igipolisi.

Kate Mulholland, umushikirizamanza yihariye wa Crown Prosecution Service i Londres, avuga ati: "Umwumvikano si urwitwazo ku gikorwa co kubaga giteye kubiri n’amategeko aho aba bagabo bagize uruhara mu gukata inzanyi, ukuguru n’imoko y’uno mugabo, bakoresha ibikoresho bidasukuye kandi kikaba ari igikorwa cashobora guhitana ubuzima bw’umuntu”.

ncG1vNJzZmivp6x7o67CZ5qopV%2BcrqnB2ZpmmqqknrCtsdJomnJvYq%2BAr8XJspuo

 Share!